Yesaya 20:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kandi bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro bari bahanze amaso+, no kubera Misiri ubwiza bwabo+. Yesaya 31:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yamara Abanyamisiri ni abantu bakuwe mw’ivu+, si Imana; amafarasi yabo ni inyama+, si impwemu. Kandi Yehova ubwiwe azoramvura ukuboko kwiwe, uwufasha atsitare, uwufashwa na we atembe+, kandi ico gihe nyene bazorangira bose uko bangana. Ezekiyeli 30:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 I Tahapanesi+ umurango uzocura umwiza, ninavunayo imitambikwa y’ingǒgo* ya Misiri+. Kandi muri we ubwishime bw’inkomezi ziwe buzozimanganywa vy’ukuri+. Nayo we, ibicu bizomupfuka+, ibisagara bimukukira bijanwe kugirwa imbohe+.
5 Kandi bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro bari bahanze amaso+, no kubera Misiri ubwiza bwabo+.
3 Yamara Abanyamisiri ni abantu bakuwe mw’ivu+, si Imana; amafarasi yabo ni inyama+, si impwemu. Kandi Yehova ubwiwe azoramvura ukuboko kwiwe, uwufasha atsitare, uwufashwa na we atembe+, kandi ico gihe nyene bazorangira bose uko bangana.
18 I Tahapanesi+ umurango uzocura umwiza, ninavunayo imitambikwa y’ingǒgo* ya Misiri+. Kandi muri we ubwishime bw’inkomezi ziwe buzozimanganywa vy’ukuri+. Nayo we, ibicu bizomupfuka+, ibisagara bimukukira bijanwe kugirwa imbohe+.