3 Kuko, “ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, Isirayeli na Yuda+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, na bo bazosubira kucigabira koko+.”’”
25 “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ninakoraniriza hamwe inzu ya Isirayeli ndayikuye mu bisata basanzarijwemwo+, nzoca nezwa vy’ukuri hagati muri bo mu maso y’amahanga+. Bazokwibera koko ku butaka bwabo+ nahaye umusavyi wanje, egome, ubwo nahaye Yakobo+.