Yesaya 60:1 Bibiliya y’isi nshasha 60 “Haguruka+, wa mugore we, rungika umuco+, kuko umuco wawe ushitse+, kandi ubuninahazwa bwa Yehova bukaba bukurasiyeko umuco+. Ezekiyeli 10:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ butangura kuduga buvuye kuri nya bakerubi buja ku rwinjiriro rw’inzu, maze nya nzu irahava yuzura igicu+, kandi ikigo ubwaco cari cuzuye ukwakaka kw’ubuninahazwa bwa Yehova. Habakuki 2:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko isi izoba yuzuye ukumenya ubuninahazwa bwa Yehova nk’uko amazi apfuka ikiyaga+. Ivyahishuwe 21:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+.
60 “Haguruka+, wa mugore we, rungika umuco+, kuko umuco wawe ushitse+, kandi ubuninahazwa bwa Yehova bukaba bukurasiyeko umuco+.
4 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ butangura kuduga buvuye kuri nya bakerubi buja ku rwinjiriro rw’inzu, maze nya nzu irahava yuzura igicu+, kandi ikigo ubwaco cari cuzuye ukwakaka kw’ubuninahazwa bwa Yehova.
23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+.