-
Ezekiyeli 48:21Bibiliya y’isi nshasha
-
-
21 “Ahasigaye hazokwegukira umukuru+, hino no hirya y’iyo ntererano nyeranda na hamwe hegukira igisagara+, ahahereranye na ya matambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu vy’iyo ntererano, ugana urubibe rwo mu buseruko; no mu burengero, ahahereranye na ya matambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu, ugana urubibe rwo mu burengero+. Hazoba ah’umukuru, hahuye neza na neza na ya migabane. Kandi iyo ntererano nyeranda be n’aheranda ha ya Nzu bize bibe hagati yaho.
-