Abalewi 19:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 Mukwiye kugira iminzane itabesha+, amabuye y’umunzane atabesha, efa* itabesha na hini* itabesha. Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri. Imigani 11:1 Bibiliya y’isi nshasha 11 Umunzane wiba ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo ibuye ry’ugupimisha rikwiye riramuhimbara. Imigani 16:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ikigeresho be n’umunzane bitabesha ni ivya Yehova+; amabuye y’ugupimisha yose yo mw’isaho ni igikorwa ciwe+. Imigani 20:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima be n’ubwoko bubiri bw’ingero za efa+, emwe, vyose hamwe ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+. Amosi 8:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 mukavuga ngo: ‘Mbega imboneko y’ukwezi izorengana ryari+ ngo twigurishirize intete+? Be n’isabato+, ngo twidandarize intete, kugira ngo tugabanye ingero ya efa+, tuduze shekeli kandi tuzirike umunzane w’uruhendo+, Mika 6:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mbega noba nera mfise umunzane mubi n’isaho y’amabuye y’ugupimisha ahendana+?
36 Mukwiye kugira iminzane itabesha+, amabuye y’umunzane atabesha, efa* itabesha na hini* itabesha. Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri.
11 Umunzane wiba ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo ibuye ry’ugupimisha rikwiye riramuhimbara.
11 Ikigeresho be n’umunzane bitabesha ni ivya Yehova+; amabuye y’ugupimisha yose yo mw’isaho ni igikorwa ciwe+.
10 Ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima be n’ubwoko bubiri bw’ingero za efa+, emwe, vyose hamwe ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+.
5 mukavuga ngo: ‘Mbega imboneko y’ukwezi izorengana ryari+ ngo twigurishirize intete+? Be n’isabato+, ngo twidandarize intete, kugira ngo tugabanye ingero ya efa+, tuduze shekeli kandi tuzirike umunzane w’uruhendo+,