Yeremiya 44:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Amaherezo Yehova ntiyabaye agishobora kuvyihanganira kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu, kubera ibintu biteye ishishi mwari mwarakoze+, bituma igihugu canyu kiba ikibanza catikijwe, n’akajoreza n’umuvumo, ata wukibamwo, nk’uko biri uyu musi+. Ezekiyeli 6:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubita amashi ku yandi+ wongere udide ikirenge, uvuge ngo “Ayayaa!”, kubera ibintu vyose bibi biteye ishishi vy’inzu ya Isirayeli+, kuko bazogwishwa n’inkota+ n’ikigoyi+ be n’ikiza+. Ezekiyeli 7:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ubu rero iherezo riragushitseko+, ngira nkurungikeko ishavu ryanje, kandi nzogucira urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nkuzaneko ibintu vyawe vyose biteye ishishi. Ezekiyeli 33:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninagira igihugu igiharabuga+, emwe, umusaka, kubera ibintu vyabo vyose bakoze biteye ishishi+.”’
22 Amaherezo Yehova ntiyabaye agishobora kuvyihanganira kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu, kubera ibintu biteye ishishi mwari mwarakoze+, bituma igihugu canyu kiba ikibanza catikijwe, n’akajoreza n’umuvumo, ata wukibamwo, nk’uko biri uyu musi+.
11 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubita amashi ku yandi+ wongere udide ikirenge, uvuge ngo “Ayayaa!”, kubera ibintu vyose bibi biteye ishishi vy’inzu ya Isirayeli+, kuko bazogwishwa n’inkota+ n’ikigoyi+ be n’ikiza+.
3 Ubu rero iherezo riragushitseko+, ngira nkurungikeko ishavu ryanje, kandi nzogucira urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nkuzaneko ibintu vyawe vyose biteye ishishi.
29 Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninagira igihugu igiharabuga+, emwe, umusaka, kubera ibintu vyabo vyose bakoze biteye ishishi+.”’