ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “‘Ntuze ureke ngo hagire n’umwe mu ruvyaro rwawe yegurirwa+ Moleki+. Ntuze uhumanye+ izina ry’Imana yawe muri ubwo buryo. Ndi Yehova+.

  • Abalewi 20:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Ubwire bene Isirayeli uti: ‘Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, na kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga muri Isirayeli, azoha Moleki+ uwo ari we wese mu ruvyaro rwiwe, ntaze abure kwicwa. Abanyagihugu baze bamutere amabuye apfe.

  • 2 Abami 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kandi babandanya gucisha abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+ no kuragura+ no kurondera ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi baguma bigurisha+ kugira ngo bakore ivyari bibi mu maso ya Yehova, ngo bamubabaze+.

  • 2 Abami 23:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Tofeti+, ahari mu mubande wa bene Hinomu+, ahagira ahatabereye ku bw’ugusenga, kugira ngo ntihagire uwucisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro+ ku bwa Moleki+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika