Ezekiyeli 23:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Nzokwerekanira kuri wewe ishaka ryanje+, kandi bazokurwanya bashangashiwe+. Bazogukura izuru n’amatwi, amasigarira yawe na yo agwishwe n’inkota. Bazotwara+ abahungu bawe n’abakobwa bawe+, amasigarira yawe na yo arigatwe n’umuriro+. Nahumu 1:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+. Zefaniya 1:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kandi nzoteza abantu amarushwa, bagende koko nk’impumyi+; kuko Yehova ari we bacumuyeko+. Amaraso yabo azoseswa vy’ukuri nk’umukungugu+, amara yabo na yo nk’amayezi+.
25 Nzokwerekanira kuri wewe ishaka ryanje+, kandi bazokurwanya bashangashiwe+. Bazogukura izuru n’amatwi, amasigarira yawe na yo agwishwe n’inkota. Bazotwara+ abahungu bawe n’abakobwa bawe+, amasigarira yawe na yo arigatwe n’umuriro+.
2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+.
17 Kandi nzoteza abantu amarushwa, bagende koko nk’impumyi+; kuko Yehova ari we bacumuyeko+. Amaraso yabo azoseswa vy’ukuri nk’umukungugu+, amara yabo na yo nk’amayezi+.