9 Na bo bavuga bati: “Igira hariya!” Bongerako bati: “Uyu mugabo w’inyakamwe yaje hano kuhaba ari kavamahanga+, yamara agomba vy’ukuri kwigira umucamanza+. Ubu rero tugiye kukugirira nabi kuruta bo.” Maze basunika cane uwo mugabo+ Loti, kandi bariko begereza kumena umuryango+.