ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 22:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Abantu baciye bugufi uzobakiza+;

      Mugabo amaso yawe arwanya abibona, kugira ngo ubacishe bugufi+.

  • Zaburi 10:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Umubisha mu kwidundarika kwiwe ntarondera+;

      Ivyiyumviro vyiwe vyose ni: “Nta Mana iriho+.”

  • Zaburi 18:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kuko abantu b’abarushwa wewe ubwawe uzobakiza+;

      Mugabo amaso yibona uzoyashira hasi+.

  • Zaburi 101:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Uwo wese abeshera mugenziwe mu mpisho+,

      Uwo ndamunumya+.

      Uwo wese w’amaso yibona kandi w’umutima w’akagaye+,

      Uwo sinshobora kumwihanganira+.

  • Imigani 6:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 amaso yishira hejuru+, ururimi rw’ikinyoma+ n’amaboko asesa amaraso y’intungane+,

  • Imigani 14:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Inkoni y’ubwibone iri mu kanwa k’igipfu+, mugabo iminwa y’abantu b’inkerebutsi izobarinda+.

  • Yesaya 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+.

  • Luka 18:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi+ kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru+.”

  • 1 Petero 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika