29 “Mbega wabonye ukuntu Ahabu yicishije bugufi kubera jewe+? Ko yicishije bugufi kubera jewe, sinzozana ivyo vyago mu misi yiwe+. Mu misi y’umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe+.”
14 Ni nde azi ko atazohindukira akicuza vy’ukuri+, inyuma yavyo agasiga umuhezagiro+, ari wo shikanwa ry’intete n’ishikanwa ry’ikinyobwa ku bwa Yehova Imana yanyu?