6 Uwo musi naradugije ukuboko+ ndabarahira ko nzobakura mu gihugu ca Misiri nkabajana mu gihugu nari natase ku bwabo, igihugu gitemba amata n’ubuki+. Cari ikirezi mu bihugu vyose+.
41 Azokwinjira vy’ukuri+ no muri ca gihugu c’Ikirezi+, kandi ibihugu vyinshi bizotsitazwa+. Mugabo abazocika kw’icumu mu kuboko kwiwe ni aba: Edomu na Mowabu+ be n’igihimba nyamukuru ca bene Amoni.
45 Kandi amahema yiwe y’ikirimba azoyashinga hagati ya ca kiyaga kinini na wa musozi mweranda w’Ikirezi+; azoza gushika kw’iherezo ryiwe+, kandi nta wuzomutabara+.