2 Abami 17:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 nuko ntibumviriza mugabo baguma bakomantaza amazosi yabo+ nk’amazosi ya ba sekuruza babo batari barizeye+ Yehova Imana yabo; 2 Ngoma 36:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+. Yeremiya 25:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Kuva mu mwaka ugira cumi na gatatu wa Yosiya+ mwene Amoni, umwami wa Yuda, gushika n’uyu musi, iyo myaka mirongo ibiri n’itatu ijambo rya Yehova ryanjeko, nanje nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije+. Zakariya 1:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’ “‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.
14 nuko ntibumviriza mugabo baguma bakomantaza amazosi yabo+ nk’amazosi ya ba sekuruza babo batari barizeye+ Yehova Imana yabo;
16 Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+.
3 “Kuva mu mwaka ugira cumi na gatatu wa Yosiya+ mwene Amoni, umwami wa Yuda, gushika n’uyu musi, iyo myaka mirongo ibiri n’itatu ijambo rya Yehova ryanjeko, nanje nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije+.
4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’ “‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.