ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 46:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Amahanga yarasebagiritse+, ubwami buranyiganyiga;

      Imana yarasamiranye n’ijwi ryayo, isi itangura gushonga+.

  • Yesaya 42:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yehova azosohoka nk’umunyenkomezi+. Azokangura umwete wiwe nk’umurwanyi+. Azovuza akaruru, egome, azorekura akaruru k’intambara+; ku bansi biwe, azokwerekana ko ari we munyenkomezi+.

  • Yeremiya 25:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 “Nayo wewe, uze ubabwire ayo majambo yose y’ubuhanuzi, ubabwire uti: ‘Yehova azoroha nk’intambwe ari iyo hejuru+, arekure ijwi ryiwe ari ahantu heranda aba+. Azoroha nk’intambwe yerekeza ahantu hiwe ho kuba. Azovugiriza akaruru ababa kw’isi bose nk’ak’abaganisha ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+.’

  • Yoweli 3:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe, yumvikanishirize ijwi ryiwe i Yeruzalemu+. Emwe, ijuru n’isi bizotigita+; ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe+, abere n’iboma bene Isirayeli+.

  • Amosi 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Avuga ati:

      “Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe+, kandi azokwumvikanishiriza ijwi ryiwe i Yeruzalemu+; kandi amatongo y’uburagiriro y’abungere azoja mu kigandaro, n’isonga rya Karumeli rizokwuma+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika