15 Maze Imana yongera kubwira Musa iti:
“Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero+, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi+.