ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 72:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Mu misi yiwe umugororotsi azonaga+,

      Kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho+.

  • Yesaya 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kandi azoca imanza koko hagati mu mahanga+, agorore ibintu+ ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyinshi+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.

  • Yesaya 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa+ be n’amahoro ntibizogira iherezo+, ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ no ku bwami bwiwe, kugira ngo bushimangirwe+ no kugira ngo bushigikizwe ubutungane+ n’ubugororotsi+, kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero*. Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora+.

  • Yesaya 60:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Nta wuzosubira kwumva ubukazi mu gihugu cawe, ukunyaga canke ugusenyuka hagati y’imbibe zawe+. Kandi impome zawe ntuzobura kuzita Ubukiriro+, amarembo yawe na yo Ishemezo.

  • Matayo 26:52
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 52 Maze Yezu amubwira ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo+, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota+.

  • Abanyefeso 6:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 kuko dufise intambara yo kunigana+, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro+, n’ubukuru+, n’abatware b’iyi si+ y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha+ mu bibanza vyo mw’ijuru.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika