Yesaya 8:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kandi azoraba kw’isi, asange, yewe ga yee! ni amarushwa n’umwiza+, umukorane, ibihe bigoye n’umuzimagiza ata kwakaka namba+. Yeremiya 13:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu+, atarazana umwiza+, n’ibirenge vyanyu bitaratsitaranako ku misozi buhwibiriye+. Muzokwizigira kuronka umuco+, na we atume koko uba igitutu kizitanye+; azowuhindura umuzimagiza w’umuzitanya+. Zefaniya 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Uwo musi ni umusi w’uburake, umusi w’amarushwa n’umubabaro mwinshi+, umusi w’ikirura n’imisaka, umusi w’umwiza n’umuzimagiza+, umusi w’ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya, Yuda 6 Bibiliya y’isi nshasha 6 N’abamarayika batagumije ikibanza cabo ca mbere mugabo bagata ahantu habo ho kuba hababereye+, yarababitse bariko imvuto z’ibihe bidahera+ munsi y’umwiza w’umuzitanya, ku bw’urubanza rwo kuri wa musi uhambaye+.
22 Kandi azoraba kw’isi, asange, yewe ga yee! ni amarushwa n’umwiza+, umukorane, ibihe bigoye n’umuzimagiza ata kwakaka namba+.
16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu+, atarazana umwiza+, n’ibirenge vyanyu bitaratsitaranako ku misozi buhwibiriye+. Muzokwizigira kuronka umuco+, na we atume koko uba igitutu kizitanye+; azowuhindura umuzimagiza w’umuzitanya+.
15 Uwo musi ni umusi w’uburake, umusi w’amarushwa n’umubabaro mwinshi+, umusi w’ikirura n’imisaka, umusi w’umwiza n’umuzimagiza+, umusi w’ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya,
6 N’abamarayika batagumije ikibanza cabo ca mbere mugabo bagata ahantu habo ho kuba hababereye+, yarababitse bariko imvuto z’ibihe bidahera+ munsi y’umwiza w’umuzitanya, ku bw’urubanza rwo kuri wa musi uhambaye+.