2 Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+: umusozi w’inzu+ ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi+, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi+; kandi amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo+.
10 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi+: hazoba umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso ku bisata vy’abantu+. Ni we amahanga azokwitura ngo amusiguze+, kandi ahantu hiwe h’ukuruhukira hazotegerezwa gucika ahaninahaye+.
11 Mugabo ndababwiye yuko benshi bo mu mihingo yo mu buseruko no mu burengero+ bazoza bakicarana na Aburahamu na Izahaki na Yakobo ku meza mu bwami+ bwo mw’ijuru+;