Kuvayo 32:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Musa aca atangura gutakambira* Yehova Imana yiwe+, ati: “Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe+ ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye? Yeremiya 26:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Hari aho none Hezekiya umwami wa Yuda n’abo muri Yuda bose barondeye kumwica? Mbega ntiyatinye Yehova agatakambira* Yehova+, ku buryo Yehova yicuza ku bijanye n’ivyago yari yaravuze kuri bo+? Turiko twikwegera rero ivyago bikomeye+. Yoweli 1:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Nimukenyere, mwikubitagure ku bikiriza+, yemwe baherezi. Nimuboroge, yemwe basuku bo ku gicaniro*+. Nimwinjire, murare mu magunira, yemwe basuku b’Imana yanje; kuko bimye inzu y’Imana yanyu ishikanwa ry’intete+ n’ishikanwa ry’ikinyobwa+. Yoweli 1:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nimweze igihe co kwisonzesha+. Nimukoranye ikoraniro ry’agakūra+. Nimukoranirize hamwe abagabo b’inararibonye, ababa mu gihugu bose, mubakoranirize ku nzu ya Yehova Imana yanyu+, mutabaze Yehova+.
11 Musa aca atangura gutakambira* Yehova Imana yiwe+, ati: “Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe+ ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye?
19 Hari aho none Hezekiya umwami wa Yuda n’abo muri Yuda bose barondeye kumwica? Mbega ntiyatinye Yehova agatakambira* Yehova+, ku buryo Yehova yicuza ku bijanye n’ivyago yari yaravuze kuri bo+? Turiko twikwegera rero ivyago bikomeye+.
13 “Nimukenyere, mwikubitagure ku bikiriza+, yemwe baherezi. Nimuboroge, yemwe basuku bo ku gicaniro*+. Nimwinjire, murare mu magunira, yemwe basuku b’Imana yanje; kuko bimye inzu y’Imana yanyu ishikanwa ry’intete+ n’ishikanwa ry’ikinyobwa+.
14 Nimweze igihe co kwisonzesha+. Nimukoranye ikoraniro ry’agakūra+. Nimukoranirize hamwe abagabo b’inararibonye, ababa mu gihugu bose, mubakoranirize ku nzu ya Yehova Imana yanyu+, mutabaze Yehova+.