20 Nimwumve rero ingingo ya Yehova, iyo yafatiye Edomu+, n’ivyiyumviro vyiwe yiyumviriye vyo kugirira nabi ababa i Temani+: Vy’ukuri, imyagazi yo mu mukuku izoburutwa. Ni ukuri, ahantu hayo ho kuba azohagira umusaka kubera bo+.
19 Nayo Misiri, izocika igiharabuga+; Edomu na yo izocika agahinga k’igiharabuga+, kubera ubukazi bagiriye abana ba Yuda, bagasēsa mu gihugu c’abo bana ba Yuda amaraso y’intungane+.