ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 34:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Haba mw’ijoro canke ku murango, ntizozima; umwotsi wayo uzoguma uduga gushika igihe kitagira urugero+. Kuva kw’iyaruka uja ku rindi, azogaduka+; gushika ibihe bitazoshira, nta wuzorengana aciye iwe+.

  • Yeremiya 49:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Nimwumve rero ingingo ya Yehova, iyo yafatiye Edomu+, n’ivyiyumviro vyiwe yiyumviriye vyo kugirira nabi ababa i Temani+: Vy’ukuri, imyagazi yo mu mukuku izoburutwa. Ni ukuri, ahantu hayo ho kuba azohagira umusaka kubera bo+.

  • Ezekiyeli 25:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nanje nzoramvurira ukuboko kwanje kuri Edomu+, ndaharandure icitwa umuntu n’igitungwa+, ndahagire ikibanza catikijwe kuva i Temani+ gushika n’i Dedani+. Bazogwishwa n’inkota.

  • Ezekiyeli 35:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi uhabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye, ewe karere k’imisozi ka Seyiri+, kandi nzokuramvurirako ukuboko kwanje+ nkugire igiharabuga, emwe, umusaka+.

  • Yoweli 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Nayo Misiri, izocika igiharabuga+; Edomu na yo izocika agahinga k’igiharabuga+, kubera ubukazi bagiriye abana ba Yuda, bagasēsa mu gihugu c’abo bana ba Yuda amaraso y’intungane+.

  • Obadiya 10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kubera ubukazi wagiriye mwene wanyu Yakobo+, uzokwicwa n’ibimaramare+, kandi uzorandurwa ata kabuza gushika igihe kitagira urugero*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika