ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 8:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+.

  • Gusubira mu vyagezwe 15:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Wiyubare, mu mutima wawe ntihaze ijambo rigayitse+, ngo: ‘Umwaka ugira indwi, wa mwaka wo guheba imyenda, uregereje+,’ maze ijisho ryawe rigacika koko iryimanyi kuri mwene wanyu mworo+, ntugire ico umuha, akabwirizwa gusemerera atakambira Yehova akurega+, bikakubera igicumuro+.

  • Imigani 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ubugorame buri mu mutima wiwe+. Yama ariko arementanya ikibi igihe cose+. Aguma yandurutsa amahane+.

  • Yeremiya 17:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane+. Ni nde yowumenya?

  • Abaroma 1:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Kandi nk’uko batashimye kumenya Imana mu buryo butagira amakosa+, Imana yarabahebeye imero y’umuzirikanyi itemewe+, ngo bakore ibitabereye+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika