13 Mukimara kwinjira mu gisagara, muca mumubona, imbere y’uko aduga mu kibanza gikirurutse kurya; kuko abantu badashobora kurya atarashika, kubera ko ari we ahezagira nya kimazi+. Inyuma y’ivyo ni ho gusa abatumiwe bashobora kurya. Ubu rero nimuduge, kuko we muca mumubona buno nyene.”
19 Maze ategeka nya masinzi kugandagaza ku vyatsi, hanyuma afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira+, hanyuma amaze kumanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa, abigishwa na bo bayigaburira nya masinzi+.