1 Samweli 14:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Nayo Yonatani, igihe se yarahiza abantu ntiyumva+; atuma rero isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, arikoza mu kimamara c’ubuki araheza agarukana ukuboko ku munwa wiwe, maze amaso yiwe atangura guca ibibatsi+. Imigani 24:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mwananje, rya ubuki, kuko ari bwiza; kandi ubuki bw’ikimamara busosa nibube mu magage yawe+.
27 Nayo Yonatani, igihe se yarahiza abantu ntiyumva+; atuma rero isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, arikoza mu kimamara c’ubuki araheza agarukana ukuboko ku munwa wiwe, maze amaso yiwe atangura guca ibibatsi+.