22“Umuntu niyiba ishūri canke intama akayikerera canke akayigurisha, aze ashumbushe zitanu zo mu busho ku bwa nya shūri na zine zo mu mukuku ku bwa nya ntama+.
5 canke ikintu ico ari co cose yorahirako abesha, kandi aze agitangire inshumbusho+ ku rugero rwayo rwuzuye, kandi azoyongerako ica gatanu cayo. Azoyiha nyeneco ku musi bizokwemezwa ko yagirwa n’icaha.