2 Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi; maze benshi mu bariko baramwumviriza barajorerwa, bavuga bati: “Mbega uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kandi kubera iki yoba yahawe ubwo bukerebutsi, n’ibikorwa vy’ububasha mwene ivyo bigakorwa biciye ku maboko yiwe?