Kuvayo 17:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ehe mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Nawe uze gukubita ku gitandara, amazi ave muri co, abantu banywe+.” Nuko Musa agira kuno mu maso y’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli. Guharura 20:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Tora ya nkoni+ hanyuma ukoranye ikoraniro, wewe na Aroni mwene wanyu, muheze mubwire urutare mu maso yabo kugira rutange amazi yarwo; ubakurire amazi muri nya rutare, uhe ikoraniro n’ibitwazi vyabo binywe+.” Imigani 18:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Amajambo y’akanwa k’umuntu ni amazi ari kure epfo+. Iriba ry’ubukerebutsi ni uruzi rw’isumo rududubiza+. Yohani 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato+, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi+ adudubiza ngo atange ubuzima budahera+.” 1 Abakorinto 10:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 kandi bose banyoye ikinyobwa c’impwemu kimwe+. Kuko banywa ku gitandara c’impwemu+ cabakurikira, ico gitandara+ kikaba cagereranya Kristu+.
6 Ehe mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Nawe uze gukubita ku gitandara, amazi ave muri co, abantu banywe+.” Nuko Musa agira kuno mu maso y’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli.
8 “Tora ya nkoni+ hanyuma ukoranye ikoraniro, wewe na Aroni mwene wanyu, muheze mubwire urutare mu maso yabo kugira rutange amazi yarwo; ubakurire amazi muri nya rutare, uhe ikoraniro n’ibitwazi vyabo binywe+.”
4 Amajambo y’akanwa k’umuntu ni amazi ari kure epfo+. Iriba ry’ubukerebutsi ni uruzi rw’isumo rududubiza+.
14 Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato+, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi+ adudubiza ngo atange ubuzima budahera+.”
4 kandi bose banyoye ikinyobwa c’impwemu kimwe+. Kuko banywa ku gitandara c’impwemu+ cabakurikira, ico gitandara+ kikaba cagereranya Kristu+.