Gusubira mu vyagezwe 2:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ntimushihane na bo, kuko ntazobaha ku gihugu cabo n’akangana n’ubwaguke bw’ubworo bw’ikirenge; kuko umusozi Seyiri nawuhaye Esawu ngo awiganzire+. Gusubira mu vyagezwe 2:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 kandi utegerezwa kwegera gushika imbere ya bene Amoni. Ntubasindire canke ngo ushihane na bo, kuko ata na gatoyi nzoguha ngo wiganzire ku gihugu ca bene Amoni, kuko nagihaye bene Loti ngo baciganzire+. Gusubira mu vyagezwe 32:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Igihe Musumbavyose yaha amahanga intoranwa+,Igihe yatandukanya abana ba Adamu+,Ni ho yashingira urubibe ibisata vy’abantu+Afatiye ku gitigiri ca bene Isirayeli+. Yesaya 34:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ni we yabapfindiye ubupfindo, kandi ukuboko kwiwe kwarabagabanganije ikibanza hakoreshejwe ikamba yo gupimisha+. Bazocigarurira bakigabe gushika igihe kitagira urugero; bazociberamwo uko iyaruka rikurikira irindi.
5 Ntimushihane na bo, kuko ntazobaha ku gihugu cabo n’akangana n’ubwaguke bw’ubworo bw’ikirenge; kuko umusozi Seyiri nawuhaye Esawu ngo awiganzire+.
19 kandi utegerezwa kwegera gushika imbere ya bene Amoni. Ntubasindire canke ngo ushihane na bo, kuko ata na gatoyi nzoguha ngo wiganzire ku gihugu ca bene Amoni, kuko nagihaye bene Loti ngo baciganzire+.
8 Igihe Musumbavyose yaha amahanga intoranwa+,Igihe yatandukanya abana ba Adamu+,Ni ho yashingira urubibe ibisata vy’abantu+Afatiye ku gitigiri ca bene Isirayeli+.
17 Ni we yabapfindiye ubupfindo, kandi ukuboko kwiwe kwarabagabanganije ikibanza hakoreshejwe ikamba yo gupimisha+. Bazocigarurira bakigabe gushika igihe kitagira urugero; bazociberamwo uko iyaruka rikurikira irindi.