2 kugira ngo imitima yabo ihozwe+, babe abafatanirijwe hamwe bakanywana neza mu rukundo+, kugira ngo bashikire ubutunzi bwose bw’ugushira amazinda gukwiye kw’ugutegera+ kwabo, bashikire ubumenyi butagira amakosa bw’ibanga ryeranda ry’Imana, ari ryo Kristu+.