29 Mugabo Umuyuda ni uwuri we imbere+, kandi ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima+ biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse+. Ishimagizwa+ ry’uwo ntiriva ku bantu, ahubwo riva ku Mana+.
5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.