6 Maze impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri we+, ku buryo ayitaburamwo kubiri, nka kurya nyene umuntu ataburamwo kubiri umwagazi w’impene w’isuguru, kandi nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwiwe. Ntiyabwira se canke nyina ivyo yari yakoze.
34 Dawidi yongera kubwira Sauli ati: “Umusuku wawe yacitse umwungere wa se mu mukuku; intambwe iraza+, be n’idubu, kimwekimwe cose gitwara intama kiyikuye mu busho.