Abaroma 5:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 biciye kuri we kandi tukaba twararonse uburyo bwo gushika+ mu buntu ata wari abukwiriye biciye ku kwizera, nya buntu bukaba ari bwo duhagazemwo ubu; kandi twigine, twishimikije icizigiro+ c’ubuninahazwa bw’Imana. 1 Timoteyo 3:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko abakora neza bironsa impagararo nziza+ n’umwidegemvyo wo kuvuga+ mwinshi mu kwizera mu bijanye na Kristu Yezu. Abaheburayo 6:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mugabo dushaka ko umwe wese muri mwebwe yerekana ubwira nk’ubwo nyene kugira ngo mushire amazinda rwose+ ku vyerekeye ca cizigiro+ gushika kw’iherezo+,
2 biciye kuri we kandi tukaba twararonse uburyo bwo gushika+ mu buntu ata wari abukwiriye biciye ku kwizera, nya buntu bukaba ari bwo duhagazemwo ubu; kandi twigine, twishimikije icizigiro+ c’ubuninahazwa bw’Imana.
13 Kuko abakora neza bironsa impagararo nziza+ n’umwidegemvyo wo kuvuga+ mwinshi mu kwizera mu bijanye na Kristu Yezu.
11 Mugabo dushaka ko umwe wese muri mwebwe yerekana ubwira nk’ubwo nyene kugira ngo mushire amazinda rwose+ ku vyerekeye ca cizigiro+ gushika kw’iherezo+,