Luka 12:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Ndabibabwiye rero: Umuntu wese yemera icese+ imbere y’abantu yuko yunze ubumwe nanje, Umwana w’umuntu na we azokwemera icese imbere y’abamarayika b’Imana yuko yunze ubumwe na we+. Yohani 14:1 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Imitima yanyu ntihagarare+. Mwizere Imana+, na jewe+ munyizere. 1 Yohani 2:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Umuntu wese ahakana Umwana, na Data nta we afise+. Uwemera icese+ Umwana, arafise na Data+.
8 “Ndabibabwiye rero: Umuntu wese yemera icese+ imbere y’abantu yuko yunze ubumwe nanje, Umwana w’umuntu na we azokwemera icese imbere y’abamarayika b’Imana yuko yunze ubumwe na we+.