4 Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe mashengero indwi+ ari mu ntara ya Aziya:
Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva kuri “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+,” no kuri za mpwemu indwi+ ziri imbere y’intebe y’ubwami yiwe,
5 Kandi kuri nya ntebe hava imiravyo+ n’amajwi n’imituragaro+; kandi hari amatara+ indwi y’umuriro yakira imbere ya nya ntebe, ayo akaba agereranya za mpwemu indwi+ z’Imana.