ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 24:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu+ kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga+, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+.

  • Matayo 25:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe+; na we azotandukanya+ abantu n’abandi+, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.

  • 2 Abakorinto 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.

  • Abanyefeso 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 kugira ngo habe ubuyobozi+ ibihe vyashinzwe bimaze gukwira+, ni ukuvuga ukwongera gukoraniriza hamwe+ ibintu vyose muri Kristu+, ivyo mw’ijuru+ n’ivyo kw’isi+. Egome, muri we,

  • 1 Abatesalonika 4:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru+ n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana+, maze abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika