Ni izaburi ya Dawidi.
26 Ncira urubanza+, Yehova we, kuko jewe nagendeye mu gutungana kwanje+,
Kandi Yehova ni we nizigiye, kugira ngo sinyoganyoge+.
2 Nsuzuma, Yehova we, ungeze+;
Tyorora amafyigo yanje n’umutima wanje+.
3 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri imbere y’amaso yanje,
Kandi nagendeye mu kuri kwawe+.
4 Sinicaranye n’abantu b’ababeshi+;
Kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari+.
5 Nanse ishengero ry’inkozi z’ikibi+,
Kandi sinicarana n’ababisha+.
6 Nzokaraba ibiganza vyanje mu gutungana+,
Kandi nzotambuka nkikuza igicaniro cawe, ewe Yehova+,
7 Kugira numvikanishe cane ugukenguruka+,
No kugira menyeshe ibikorwa vyawe vy’agatangaza vyose+.
8 Yehova, nakunze inzu ubamwo+
Be n’ahantu ubuninahazwa bwawe buba+.
9 Ntunjaniranye n’abacumuzi+,
Canke ubuzima bwanje ngo ubujaniranye n’abagirwa n’amaraso+,
10 Abo mu maboko yabo hari ubushirasoni+,
Ukuryo kwabo na kwo kukaba kwuzuye ibiturire+.
11 Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo nzogenderamwo+.
Nuncungure+ kandi ungirire ubutoni+.
12 Ikirenge canje ntikizobura guhagarara ahashashe+;
Nzohezagira Yehova mu makinja akoranye+.