Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
20 Yehova akwishure ku musi w’amarushwa+.
Izina ry’Imana ya Yakobo rigukingire+.
2 Narungike ugutabarwa kwawe ari ha hantu heranda+,
Agushigikire ari i Siyoni ubwaho+.
3 Niyibuke amashikanwa yawe yose+,
Yemere ishikanwa ryawe riturirwa, abone ko rinuze+. Sela.
4 Naguhe nk’uko umutima wawe ugomba+,
Ashitse inama yawe yose+.
5 Tuzokwiha akamo k’umunezero kubera ubukiriro bwawe+,
Kandi mw’izina ry’Imana yacu tuzoduza amabendera yacu+.
Yehova ashitse ivyo usaba vyose+.
6 Ubu ndazi koko yuko Yehova atabura gukiza uwo yarobanuje amavuta+.
Amwishura ari mu majuru yiwe meranda+
Biciye ku bikorwa vy’inkomezi vyo gukiza vy’ukuryo kwiwe+.
7 Bamwe bavuga ivyerekeye imikogote abandi ivyerekeye amafarasi+,
Ariko tweho ivyerekeye izina rya Yehova Imana yacu ni vyo tuzovuga+.
8 Abo nyene baravunitse, baragwa+;
Ariko tweho turahagurutse, kugira dusubirane+.
9 Ewe Yehova, kiza umwami+!
Azotwishura ku musi duhamagaye+.