-
Abalewi 3:3-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Azokura kuri ico kimazi ivyo ashikanira Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro+, ni ukuvuga ikinure+ gipfutse amara, ikinure cose gifashe ku mara 4 be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu*, agikurireko rimwe n’amafyigo+. 5 Abahungu ba Aroni bazobituririra ku gicaniro, hejuru y’ishikanwa riturirwa riri ku nkwi ziri ku muriro+. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova+.
-