ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 6:23-27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 «Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: “Uku ni ko muzohezagira+ Abisirayeli. Muzobabwire muti:

      24 ‘Yehova nabahezagire+ kandi abakingire.

      25 Yehova nabashime*+ kandi abagirire neza.

      26 Yehova nabarabe ryiza yongere abahe amahoro+.’”

      27 Bakwiye gukoresha izina ryanje mu gusabira imigisha Abisirayeli+ kugira ndabahezagire+.»

  • Gusubira mu vyagezwe 10:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Ico gihe ni ho Yehova yacagura umuryango w’Abalewi+ ngo barerure isandugu y’isezerano rya Yehova+, bahagarare imbere ya Yehova kugira bamukorere no kugira bahezagire abantu mw’izina ryiwe+ nk’uko biri gushika uyu musi.

  • Gusubira mu vyagezwe 21:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Abaherezi ari bo Balewi bazoca baza, kuko ari bo Yehova Imana yanyu yatoye ngo bamukorere+ bongere bahezagire abantu mw’izina rya Yehova+. Bazobabwira ingene amatati yose ajanye n’ugukomerekanya akwiye gutorerwa umuti+.

  • 1 Ngoma 23:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Abahungu ba Amuramu bari Aroni+ na Musa+. Mugabo Aroni yaratowe*+ ahabwa ibanga ryamaho kugira ngo we n’abahungu biwe beze Aheranda cane, bashikane ibimazi imbere ya Yehova, bamukorere bongere bahezagire abantu mw’izina ryiwe ibihe vyose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika