27 Abakobwa ba Zelofehadi+ baca baraza. Zelofehadi yari umuhungu wa Heferi, Heferi umuhungu wa Gileyadi, Gileyadi umuhungu wa Makiri, Makiri umuhungu wa Manase. Zelofehadi yari uwo mu miryango ikomoka kuri Manase umuhungu wa Yozefu. Abo bakobwa biwe bari Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza.