-
Kuvayo 4:14-16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Yehova aca aramushavurira, amubwira ati: «None ntufise mwenewanyu, Aroni+ Umulewi? Ndazi ko azi kuvuga neza, kandi ariko araza guhura nawe. Niyakubona araza kunezerwa+. 15 Uze kuvugana na we, umubwire ivyo azovuga+. Nzoba ndi kumwe namwe igihe muzoba muriko muravuga+, kandi nzobigisha ico mukwiye gukora. 16 Azovugana n’abantu mu kibanza cawe. Azokubera umuvugizi, nawe umubere uwuserukira Imana*+.
-
-
Kuvayo 15:20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Umuhanuzikazi Miriyamu, mushiki wa Aroni, aca atora akagoma. Abandi bagore bose baca baramukurikira, bagenda baravuza utugoma bongera batamba.
-