ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 4:14-16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Yehova aca aramushavurira, amubwira ati: «None ntufise mwenewanyu, Aroni+ Umulewi? Ndazi ko azi kuvuga neza, kandi ariko araza guhura nawe. Niyakubona araza kunezerwa+. 15 Uze kuvugana na we, umubwire ivyo azovuga+. Nzoba ndi kumwe namwe igihe muzoba muriko muravuga+, kandi nzobigisha ico mukwiye gukora. 16 Azovugana n’abantu mu kibanza cawe. Azokubera umuvugizi, nawe umubere uwuserukira Imana*+.

  • Kuvayo 4:30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Aroni ababwira ibintu vyose Yehova yari yabwiye Musa, hanyuma Musa akorera vya bimenyetso+ imbere yabo.

  • Kuvayo 15:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Umuhanuzikazi Miriyamu, mushiki wa Aroni, aca atora akagoma. Abandi bagore bose baca baramukurikira, bagenda baravuza utugoma bongera batamba.

  • Kuvayo 28:30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Uzoshira Urimu na Tumimu*+ muri ako gapfuko ko guca imanza, kandi bitegerezwa kuba biri ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova. Aroni ategerezwa kuba yambaye ku mutima ivyo bikoresho vyo gucira imanza Abisirayeli, igihe cose ari imbere ya Yehova.

  • Mika 6:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Kuko nabakuye mu gihugu ca Misiri+

      aho mwari abashumba*, ndabacungura+.

      Narungitse Musa, Aroni na Miriyamu+ ngo babaje imbere.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika