ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 18:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Nuko bafata ishuri batoye barayibaga, maze bambaza izina rya Bayali kuva mu gitondo gushika mu masasita bavuga bati: «Ewe Bayali, nutwishure!» Mugabo babura ikibishura, ntihagira n’ijwi bumva+. Baguma bacumbagira irya n’ino y’igicaniro bari bakoze.

  • Yesaya 37:37, 38
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 37 Nuko Senakeribu umwami wa Ashuri aragenda asubira i Ninewe+, agumayo+. 38 Umusi umwe ariko arasenga imana yiwe Nisiroki mu rusengero* rwayo, abahungu biwe bwite, ari bo Adurameleki na Shareseri, bamwicisha inkota+ hanyuma bahungira mu karere ka Ararati+. Umuhungu wiwe Esari-Hadoni+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

  • Yona 1:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Abagendesha ubwato bagira ubwoba bwinshi ku buryo umwe wese atangura gutabaza imana yiwe. Batangura guterera mu kiyaga ibintu vyari mu bwato kugira buremuruke+. Mugabo Yona yari yamanutse mu gice co hasi ca nya bwato*, araryama, arasinzira ubutikoma.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika