ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Kuko namuhisemwo* kugira ategeke abahungu biwe n’abazomukomokako kugumya inzira za Yehova mu gukora ibibereye n’ibigororotse+, maze jewe Yehova nzoheza nshitse ivyo namusezeraniye.»

  • Gusubira mu vyagezwe 4:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ariko mwiyubare, mwirinde rwose kugira ntimwibagire ivyo mwiboneye n’amaso yanyu no kugira ntibive mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho. Mutegerezwa kandi kuvyigisha abana banyu n’abuzukuru banyu+.

  • Yosuwa 4:21-24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Hanyuma abwira Abisirayeli ati: «Muri kazoza, abana banyu nibababaza* bati: “Aya mabuye asobanura iki+?”, 22 muze mubasigurire muti: “Abisirayeli bajabutse Yorodani baciye kw’isi yumutse+. 23 Ico gihe Yehova Imana yanyu yarakamije amazi ya Yorodani imbere yabo gushika bahejeje kujabuka. Ukwo nyene ni ko Yehova Imana yanyu yabigize ku kiyaga Gitukura, igihe yagikamya imbere yacu gushika duhejeje kujabuka+. 24 Yabikoze kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye ko ukuboko kwa Yehova gukomeye+ no kugira ngo mwame mutinya Yehova Imana yanyu.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika