-
Yosuwa 4:21-24Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
21 Hanyuma abwira Abisirayeli ati: «Muri kazoza, abana banyu nibababaza* bati: “Aya mabuye asobanura iki+?”, 22 muze mubasigurire muti: “Abisirayeli bajabutse Yorodani baciye kw’isi yumutse+. 23 Ico gihe Yehova Imana yanyu yarakamije amazi ya Yorodani imbere yabo gushika bahejeje kujabuka. Ukwo nyene ni ko Yehova Imana yanyu yabigize ku kiyaga Gitukura, igihe yagikamya imbere yacu gushika duhejeje kujabuka+. 24 Yabikoze kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye ko ukuboko kwa Yehova gukomeye+ no kugira ngo mwame mutinya Yehova Imana yanyu.”»
-