ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Samweli: ibirimwo

      • Isandugu mu karere k’Abafilisitiya (1-12)

        • Igishusho ca Dagoni gicishwa bugufi (1-5)

        • Abafilisitiya bashikirwa n’ivyago (6-12)

1 Samweli 5:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 4:11

1 Samweli 5:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 16:23; 1Ng 10:8-10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2003, rup. 25

1 Samweli 5:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:12; 1Ng 16:26; Zb 97:7
  • +Yes 46:6, 7

1 Samweli 5:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Dagoni ni yo yonyene.»

1 Samweli 5:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 6:5, 6

1 Samweli 5:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 17:4

1 Samweli 5:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 5:6

1 Samweli 5:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 15:20, 45; 2Bm 1:2; Am 1:8
  • +1Sm 5:7

1 Samweli 5:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 5:6, 9

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Sam. 5:11Sm 4:11
1 Sam. 5:2Abc 16:23; 1Ng 10:8-10
1 Sam. 5:3Kv 12:12; 1Ng 16:26; Zb 97:7
1 Sam. 5:3Yes 46:6, 7
1 Sam. 5:61Sm 6:5, 6
1 Sam. 5:81Sm 17:4
1 Sam. 5:91Sm 5:6
1 Sam. 5:10Yos 15:20, 45; 2Bm 1:2; Am 1:8
1 Sam. 5:101Sm 5:7
1 Sam. 5:111Sm 5:6, 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Samweli 5:1-12

Samweli wa mbere

5 Abafilisitiya bamaze gufata isandugu+ y’Imana y’ukuri, bayikura i Ebenezeri bayijana i Ashidodi. 2 Hanyuma bayinjiza mu rusengero* rwa Dagoni, bayihagarika iruhande ya Dagoni+. 3 Bukeye Abanyashidodi bavyuka kare, basanga igishusho ca Dagoni caguye cubamye imbere y’isandugu ya Yehova+. Baca baragitora bagisubiza mu kibanza caco+. 4 Bavyutse kare mu gitondo ku musi ukurikira, basanga igishusho ca Dagoni caguye cubamye imbere y’isandugu ya Yehova. Umutwe n’ibiganza vyaco vyompi vyari vyacitse, biri ku bwinjiriro bw’urusengero. Igihimba caco kimeze nk’ifi ni co conyene* ata co cari cabaye. 5 Ni co gituma gushika n’uyu musi abaherezi ba Dagoni n’abinjira mu rusengero rwa Dagoni bose badahonyora mu bwinjiriro bw’urwo rusengero ruri i Ashidodi.

6 Yehova ahana ababa i Ashidodi bimwe bikomeye. Ababa muri ico gisagara no mu turere tuhakikuje abateza ibivyimba*, abamerera nabi+. 7 Abanyashidodi babonye ivyariko birabashikira bavuga bati: «Ntidukwiye kugumana isandugu y’Imana ya Isirayeli, kuko iyo Mana yatumereye nabi, twe n’imana yacu Dagoni.» 8 Batumako rero abatware bose b’Abafilisitiya. Bamaze gukorana, bababaza bati: «Isandugu y’Imana ya Isirayeli tuyigenze gute?» Bishura bati: «Iyo sandugu y’Imana ya Isirayeli nije i Gati+.» Nuko bayijanayo.

9 Iyo sandugu imaze gushikayo, Yehova ahana ababa muri ico gisagara, bagira ubwoba bwinshi. Abateza ivyago, kuva ku muto gushika ku mukuru, baturika ibivyimba+. 10 Barungika rero iyo sandugu y’Imana y’ukuri i Ekuroni+. Mugabo igishikayo, abantu b’i Ekuroni batangura kuboroga bati: «Bazanye ya sandugu y’Imana ya Isirayeli iwacu kugira batwice twe n’abacu+.» 11 Batumako rero abatware bose b’Abafilisitiya. Bamaze gukorana, bababwira bati: «Nimurungike isandugu y’Imana ya Isirayeli isubire iyo yaje iva kugira twe n’abacu ntidupfe.» Ababa mu gisagara bose batinya ko bohava bapfa, kuko Imana y’ukuri yari yabamereye nabi cane+. 12 Abatapfuye, barwaye ibivyimba. Ababa muri ico gisagara baguma batabaza. Amaborogo yabo araduga gushika mw’ijuru.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika