Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni zaburi ya Asafu+.
75 Ewe Mana, turagukengurukira, turagukengurukira.
Izina ryawe riri hafi yacu+,
kandi abantu baratangaza ibikorwa vyawe bitangaje.
2 Wavuze uti: «Iyo nshinze umwanya wo guca urubanza,
ndaruca mu bugororotsi.
4 Abirata ndababwira nti: «Ntimwirate»,
ababisha na bo nti: «Ntimuhayagize inguvu* zanyu.
5 Ntimuhayagize cane inguvu zanyu
canke ngo muvugane ubwishime.
6 Kuko ugushirwa hejuru kutava
mu buseruko, mu burengero canke mu bumanuko.
Ishira hasi umwe, uwundi ikamushira hejuru+.
8 Yehova afise igikombe mu kuboko kwiwe.
Umuvinyu uri muri co uriko urabira kandi uravanze neza.