Ni zaburi ya Dawidi, igihe yariko ahunga umuhungu wiwe Abusalomu+.
3 Ewe Yehova, kubera iki abansi banje babaye benshi+?
Kubera iki abantu benshi bahagurutse ngo bandwanye+?
2 Benshi baguma bivugira ngo:
«Imana ntizomukiza+.» (Sela)
3 Ariko wewe, ewe Yehova, uri inkinzo inkikuje+.
Uri ubuninahazwa bwanje+, kandi ni wewe utuma ntekana+.
4 Nzosemerera ntabaza Yehova,
kandi azonyishura ari ku musozi wiwe mweranda+. (Sela)
5 Nzoryama nisinzirire,
kandi nzokwikangura mu mutekano,
kuko Yehova aguma anshigikira+.
6 Sinzotinya abantu ibihumbi mirongo
batonze irya n’ino kugira bandwanye+.
7 Haguruka Yehova! Nkiza+ Mana yanje!
Uzokubita abansi banje bose mu misaya.
Uzovunagura amenyo y’ababisha+.
8 Ubukiriro ni ubwa Yehova+.
Umuhezagiro wawe uri ku bantu bawe. (Sela)