Agahibongozo ka Dawidi igihe yariko arahunga kubera Abusalomu umuhungu wiwe+.
3 Ewe Yehova, kubera iki abarwanizi banje babaye benshi+?
Kubera iki benshi bahagurukira kundwanya+?
2 Benshi bamvugako ngo:
“Nta bukiriro afise ku Mana+.” Sela.
3 Ariko wewe ga Yehova, uri inkinzo inkikuje+,
Ubuninahazwa bwanje+, n’Uwunduza umutwe+.
4 Nzotabaza Yehova ubwiwe n’ijwi ryanje,
Na we azonyishura ari ku musozi wiwe mweranda+. Sela.
5 Nayo jewe, nzoryama kugira nsinzire;
Sinzobura kwikangura, kuko Yehova ubwiwe aguma anshigikiye+.
6 Sinzotinya abantu ibihumbi mirongo
Batondeye kundwanya irya n’ino+.
7 Haguruka+, Yehova we! Nkiza+, Mana yanje we+!
Kuko uzokubita abansi banje bose ku mubangabanga+.
Amenyo y’ababisha uzoyamena+.
8 Ubukiriro ni ubwa Yehova+.
Umuhezagiro wawe uri ku bantu bawe+. Sela.