Indirimbo ya Salomo
2 «Kurya kw’ishurwe ry’ilisi mu mahwa,
ni ko umukunzi wanje ameze mu bandi bakobwa.»
3 «Kurya kw’igiti c’ipome mu biti vyo mw’ishamba,
ni ko umukunzi wanje ameze mu bandi bahungu.
Ndipfuza cane kwicara mu gitutu ciwe,
kandi icamwa ciwe kirandyohera.
4 Yanyinjije mu nzu iberamwo imisi mikuru*,
kandi urukundo rwiwe rwari rumeze nk’akadarapo hejuru yanje.
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.
8 Umve ijwi ry’umukunzi wanje!
Ehe ng’uyo araje,
aje araduga imisozi, asimba imirambi.
9 Umukunzi wanje ameze nk’ingeregere, nk’impongo ikiri nto+.
Ehe ng’uriya, ahagaze inyuma y’uruhome rwacu.
Aguma arungurukira mu madirisha,
acishije mu tuyungiro.
10 Umukunzi wanje aramvugisha, akambwira ati:
“Haguruka rukundo rwanje!
Ingo tujane mwiza wanje!
11 Raba urushana* rwarenganye.
Imvura yahise kandi yaheze.
12 Amashurwe yabonetse mu gihugu+,
igihe co gututura cageze+,
kandi uturirimbo tw’inuma twatanguye kwumvikana mu gihugu cacu+.
Haguruka uze rukundo rwanje!
Ingo tujane mwiza wanje!
14 Ewe numa yanje yibera mu myobo y’ibitandara+,
mu tunogo tw’ahantu h’ibimanga,
nshaka kukubona no kwumva akajwi kawe+,
kuko akajwi kawe karyoshe kandi ukaba uteye igomwe+.”»
15 «Nimudufatire za mbwebwe,
twa tubwebwe dutoduto twonona imirima y’imizabibu,
kuko imirima yacu y’imizabibu yashuritse.»