Yobu
22 Elifazi+ w’i Temani yishura ati:
2 «Mbega umuntu hari ico yomarira Imana?
Hari ico yoyimarira naho yoba ari inkerebutsi*+?
3 Ubugororotsi bwawe hari ico buvuze kuri Mushoboravyose*?
Hari ico yunguka ngo ni uko ugumye uri intungane+?
4 Mbega yoguhana
canke ikagushira mu rubanza kubera uyubaha?
9 Abapfakazi wabarungitse iminwe misa.
Amaboko y’impfuvyi warayavunaguye.
10 Ni co gituma ukikujwe n’imitego*+,
ugatinya ibintu biteye akaga bije giturumbuka.
11 Ni co gituma uri mu mwiza ku buryo udashobora kubona,
kandi ukaba urengewe n’amazi menshi.
12 Mbega Imana ntiri hejuru mw’ijuru?
Vyongeye, raba ukuntu inyenyeri zose ziri hejuru cane.
13 Ariko wewe uvuga uti: “Mbega Imana izi iki?
Yoshobora guca urubanza kandi itangiriwe n’umwiza w’umuzitanya?
15 Mbega uzogendera mu nzira ya kera,
iyo abanyakibi bagendeyemwo,
17 Bahora babwira Imana y’ukuri ngo: “Twirekere!”
Bakavuga ngo: “Mbega Mushoboravyose yotugira iki?”
18 Ariko ni we yujuje amazu yabo ivyiza.
(Ivyo vyiyumviro bibi ntibikanzemwo.)
19 Abagororotsi bazobibona banezerwe.
Abantu b’intungane bazobatwengera mw’ijigo, bavuge bati:
20 “Abansi bacu bazimanganye,
kandi n’ibisigarira vyabo bizoturirwa n’umuriro.”
21 Niwiyegereze Imana, wibereho amahoro.
Uzoheza wironkere ivyiza.
23 Niwagaruka kuri Mushoboravyose, uzosubirana+.
Niwakura ibitagororotse mw’ihema ryawe,
24 ugata inzahabu zawe mu mukungugu
kandi ugashiburira inzahabu z’i Ofiri+ mu manga*,
25 Mushoboravyose azoca akubera inzahabu,
akubere n’ifeza nzizanziza.
26 Aho ni ho uzohimbarwa na Mushoboravyose,
kandi uzokwunamura amaso uyerekeza ku Mana.
27 Uzoyinginga, na yo ikwumve,
kandi uzoshitsa indagano zawe.
28 Ico ushatse gukora cose kizororanirwa,
kandi umuco uzokumurikira mu nzira yawe.
30 Izotabara abantu b’intungane.
Nimba rero amaboko yawe yera, ntizobura kukurokora.»