Habakuki
3 Isengesho umuhanuzi Habakuki yatuye nk’uwucura intimba:
2 Ewe Yehova, narumvise ivyawe.
Ewe Yehova, ibikorwa vyawe bintera akoba.
Nusubire ubikore mu kiringo washinze*.
Nubimenyekanishe mu kiringo washinze*.
Niwibuke kugira imbabazi mu gihe c’uruhagarara+.
Ubuninahazwa bwiwe bwuzura ijuru+,
isi na yo yuzura ishemezo ryiwe.
Hari imishwarara ibiri y’umuco yava mu kuboko kwiwe.
Aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegeye.
6 Yarahagaze anyiganyiza isi+.
Ijisho ryiwe ryatumye amahanga ajugumira+.
Imisozi yo kuva kera na rindi yarasenyaguritse,
imirambi imaze igihe kirekire igwa hasi+.
Izo ni zo nzira ziwe zo kuva kera.
7 Nabonye ivyago mu mahema y’i Kushani.
Ibitambara biri ku mahema y’igihugu ca Midiyani vyariko birahinda agashitsi+.
8 Mbega inzuzi ga Yehova, ni zo ushavuriye?
Zoba ari zo ziguteye gushavura bigeze iyo hose?
Ikiyaga coba ari co ufitiye uburake+
9 Umuheto wawe uwushize ahabona, witeguriye kuwurasisha.
Ibirwanisho* vyawe wabishinze igikorwa biciye ku ndahiro*. (Sela)
Isi wayisatuje inzuzi.
10 Imisozi yarakubonye irigonyonzora+.
Imvura y’isegenya yakwiye igihugu cose.
Amazi yo mu nyenga yaratontomye+,
yitera hejuru*.
11 Izuba n’ukwezi vyigumiye mu kibanza cavyo iyo hejuru+.
Imyampi yawe yagenda yakaka+,
icumu ryawe rikagenda riravya.
12 Wagendagenda mw’isi waratse.
Wahonyanga* amahanga washavuye.
13 Wazanywe no gukiza abantu bawe, ngo ukize uwo warobanuje amavuta*.
Wamenaguye umukuru* w’inzu y’umubisha.
Wasambuye inzu yiwe kuva ku mushinge gushika hejuru*. (Sela)
14 Wacumitishije umukuru w’abarwanyi biwe ibirwanisho vyiwe* bwite,
igihe baza nk’igihuhusi kugira badushwiragize*.
Bari bashashaye kumira umugorwa mu mpisho.
15 Waciye mu kiyaga n’amafarasi yawe,
uca mu mazi menshi asuriranya.
Amagufa yanje yaciye atangura kubora+,
amaguru yanje na yo arajugumira.
Ariko ndindiriye umusi w’amagorwa ntekanye+,
kuko uwo musi uzoza ku badutera.
17 Naho igiti c’umusukoni kitoshurika
n’imizabibu ntitange umwimbu,
naho igiti c’umwelayo* kitokwama
n’imirima* ntiyimbuke,
naho ibitungwa bitobito vyohona mu ruhongore
n’inka zigahona mu mararo,
18 jewe nzokwigina Yehova,
nzonezererwa Imana yo Mukiza wanje+.
19 Umukama Segaba Yehova ni we nkomezi zanje+.
Azotuma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,
atume ngendagenda ahantu hahanamye+.
Ku wuririmbisha: hakoreshwe ibicurarangisho vyanje vy’imirya.