Zaburi 113 Shemeza Yehova*! Yemwe basavyi ba Yehova, nimumushemeze!Nimushemeze izina rya Yehova. 2 Ese izina rya Yehova ryokwama rishemezwa,kuva ubu no gushika ibihe bidahera+. 3 Izina rya Yehova nirishemezwe+,kuva mu buseruko gushika mu burengero. 4 Yehova ari hejuru y’amahanga yose+,kandi ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’ijuru+. 5 Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,we yibera* iyo hejuru? 6 Arunama* kugira arabe ijuru n’isi+, 7 akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu. Aduza umukene amukuye mu kirundo c’umunyota*+, 8 kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro,abanyacubahiro bo mu bantu biwe. 9 Aha umugore w’ingumba inzu yiberamwo,akiberaho ahimbawe ari kumwe n’ibibondo* vyiwe+. Shemeza Yehova*!